Umunyakameruni Samuel Eto'o yatangaje ko ahagaritse gukina umupira

Samuel Eto'o yahoze ari umukinyi rurangiranwa, yatangaje ko ahagaritse akazi kiwe inyuma y'imyaka 22 amaze akina umupira w'amaguru.

Eto'o w'imyaka 38 yahoze akinira umurwi nserukiragihugu wa Kameruni hamwe n'umurwi wa Barcelona yarabaye umukinyi wa mbere ku mugabane wa Afrika, incuro zine zose.

Umukinyi yatsindiye umurwi nserukiragihugu ibitsindo 56 mu nkino 118, ibitari bwabeho, yaraciye no mu mirwi ya Chelsea na Everton yo mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier league.

Umwaka uheze wa 2018, inyuma y'umwanya muto yamaze mu murwi wa Konyaspor muri Turukiya, yahavuye aja gukinira umurwi Qatar Sports Club, akaba ariwo arangirijemwo.

Samuel Eto'o yinjiye mu murwi Real Madrid mu 1996 afise imyaka 16, ariko akaba atahawe amahirwe menshi y'ugukina kuko yakinishijwe incuro zitatu gusa, imbere y'uko atizwa mu mirwi ya Leganes, Espanyol na Mallorca.

Inyuma y'aho aguriwe n'umurwi wa Mallorca mu 2000, yinjije ibitsindo 54 mu nkino 133, ivyamutumye aba umukinyi wa mbere yinjirije uwo murwi ibitsindo vyinshi.

Mu mwaka wa 2004, uyo mukinyi yavukiye i Douala muri Kameruni niho yinjira mu murwi wa Barcelona yafashije gutsindira ihiganwa ryo muri Espanye, La Liga, incuro zitatu.

Yafashije kandi Barcelona gutsindira ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions League), incuro zibiri zose, mu mwaka wa 2006 na 2009, kandi hose yagenda atsinda.

Mu 2006, Eto'o niwe yabaye umunya Afrika wa mbere kandi wenyene yatsindiye ikirato c'inzahabu muri La Liga, igihe yinjiza ibitsindo 26 mu nkino 34.

Uyo munya Kameruni yinjirije Barcelona ibitsindo 109 mu nkino 144 imbere y'uko yinjira mu murwi Inter Milan mu 2009.

Muri uyo murwi mushasha, yarawufashije gutsindira ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) uwo mwaka nyene, yongera itsindira n'ihiganwa ryo muri ico gihugu Serie A.

Eto'o kandi yafashije Inter Milan gutsindira ihiganwa mpuzamakungu rihuza imirwi yabaye iya mbere ku migabane yabo, Fifa Club World Cup mu 2010.

Inyuma y'aho, Eto'o yamaze imyaka ibiri mu murwi Anzhi Makhachkala wo mu Burusiya, imbere y'ukwinjira mu murwi Chelsea mu 2013.

Yarakinye kandi umwanya muto mu mirwi ya Everton, Sampdoria na Antalyaspor, imbere y'uko yinjira muri Konyaspor, hanyuma muri Qatar SC ariho arangirije.

Mu Mwaka wa 1998, yakinyi mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose afise imyaka 17 n'amezi atatu, akaba ari we mukinyi yari muto mu bakinyi bose bari muri iryo higanwa.

Eto'o yakinye incuro zitatu muri iryo higanwa ry'igikombe c'isi yose, akaba yabaye kizigenza w'umurwi nserukiragihugu mu 2010 na 2014, aho mbere yashoboye gutsinda ibitsindo bibiri.

Eto'o kandi yari mu bakinyi bari bagize umurwi watsindiye ihiganwa rya Afrika incuro zibiri wikurikiranya mu 2000 na 2002, akaba yabaye umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa, 18 vyose.

Eto'o afise umudari w'inzahabu wa Olempike yaronkeye mu murwi wa Kameruni mu 2000, akaba yaranabaye umukinyi agira gatatu kw'isi mu mwaka wa 2005.

0

0 comment(s) Tanga igitekerezo

Note : Sorry No comment available now...

Tanga Igitekerezo

Author
GATETE
Admin

GATETE MUHAMOUD 2

You May Also Like